
« Dufatiye kuri poritike y’Urwanda uko itunganije, tukihweza na kahise kacu, ntitwohora kuri ayo mabi yo kugurisha abantu nk’ibitungwa ariko arakorerwa mu gihugu ca Libiya. », ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’imigenderanire mu Rwanda, Louise Mushikiwabo.
Igihugu c’Urwanda kibaye ica mbere citavye akamo ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryateye ibihugu vyo mu karere ka Afrika ko vyofashwa mu kwakira abo bimukira.
Igihugu c’Urwanda kikaba cemeye kwakira abimukira bagera ku bihumbi mirongo itatu (30.000 migrants) bavuye mu gihugu ca Libiya.