Uko bukeye uko bwije ingeso z’abarundi zitera zitituka mbere no kuba nabi zikaba nabi gusumba. Ego harashobora kubaho ubukene, inzara n’umutekano muke mugihugu gushika aho abantu babira aho bata umutwe kubera na Leta yari yogize ico ibamarira isanzwe ifise ibindi bitari bike biyihanze canke abafise ububasha bakaba bafise ibindi vyiyumviro atarivyo gutunganya igihugu ku burtyo abarundi bose bogira amahoro mu nda no mugihugu. Mwiyumvire namwe abana nkabo bocibwa amaboko ngo bivye ibigori mugihugu citwa yuko gifise, inzego, amategeko n’abagabo; uca ubona aho uburundi bugeze.
Abaye ya mategeko ya ki isiramu « shariya » yo guhimbura ibihimba vy’umuniri. Ibiriko birakorerwa abarundi bisa n’ibiriko birakorerwa abirabura muri libiya.
Ivyo vyakorewe abo bana ni ivyaha vyagahomerabunwa, ivyaha bitagira izina, ivyaha vyambika isoni, iceyi n’ibara abarundi bose.
Turateye akamo umurundi wewe ahari yiyambure agatima k’ububisha, urwanko , inzigo n’ubube gito. Abarongoye igihugu barabe iyo bariko barabujana; abarwanya ubutegetsi bareke gukokeza ahubwo bicare hasi barabe , atagashavu bashizemwo , uko bitabara igihugu.