
Jérôme NZOKIRANTEVYE yafashwe kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo 2017, akaba yinjiye ibohero rikuru rya Mpimba inyuma y’iminsi 21 apfungiwe mw’igendereza aho yatanguriye, mu nyuma atwarwa mu gasho ka PJP (Police Judiciaire des Parquets).
Umunsi atabwa muri yompi n’igiporisi, Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko Jérôme NZOKIRANTEVYE apfunzwe yagirizwa kudandaza amatongo atari ayiwe (Vente illicite des parcelles) yo mu Maramvya.
Jérôme NZOKIRANTEVYE yahoze arongoye RTNB yaraye ijoro rya mbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba
Jérôme NZOKIRANTEVYE yahoze ari umuyobozi mukuru wa RTNB niwe yari kandi umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi, ariko kuri uwu wa kane igenekerezo rya 23 Munyonyo 2017 akaba ariho yasubirizwa.
Mu matora y’ukumusubiriza, uwitwa Jean Baptiste NIYONZIMA niwe yatsindiye kuyobora inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi.