
Naho bari barengutse bose imbere ya sentare, abo bagirizwa kugira igitero kw’ikambi y’abasirikare ku Mukoni baranse kuburana bamenyesha ko ata cizere ko urubanza ruzocirwa ruzoja mu ngiro, kuko no ku bandi babiri barekuwe rutaraja mu ngiro.
Abo bapfunzwe banse kuburana bavuga ko badashobora kuburana kuko sentare ihonyanga amategeko kandi iyazi.
Ababuranira abo bagirizwa igitero kw’ikambi ya Mukoni basavye irindi sango kugira babanze babonane nabo baburanira, mu ntumbero yo gutegura neza urubanza.
Sentare yaciye irushira kuwa mbere igenekerezo rya 27 Munyonyo 2017, aho naho rukazoca ruburanishwa mw’ido n’ido.
Ico gitero cabaye kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2017.