Rwanda-Burundi: abarovyi bane b’abarundi bafashwe n’igipolisi c’Urwanda.

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi aciye k’umuvugizi Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko abo barovyi uko ari batandatu bose banyurujwe nk’igihe c’isaha icumi n’imwe z’igitondo.

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ariko ko nk’igihe c’isaha zitatu z’igitondo babibiri muri abo barovyi bahavuye barekurwa, ariko abandi bakaba bagumye mu minwe y’abasirikare b’Urwanda.