
Uwo mugabo asanzwe avuka mu ntara ya Bururi yari umukukuruke wo mu gisirikare ca kera (Ex-FAB), ikiziga ciwe kikaba catowe mu nzu y’ubunywero yadandarizamwo ibinyobwa vya BRARUDI, aho mu ntara ya Makamba.
Abajejwe intwaro mu ntara ya Makamba bamenyesha ko batashoboye kumenya namba uwo mugabo yagandaguwe, canke ko yoba yahitanwe n’urw’akarago.