
Kimwe mu vyateye abaganga guhaguruka ni ukudashobora gufasha abarwayi kubera ubukene bw’ibikoresho
Ibiganiro hagati ya leta ya Uganda n’abaganga bari batangaje ko batanguye yegereyegere, vyatumye baba barayihagaritse mu bitaro vya leta.
Abategetsi ba Uganda bemeye gutanga miriyoni munani z’ama dorari mu ntumbero yo kuronsa ivya ngomnbwa vyihuta ibitaro n’amavuriro.
Mu vyihuta cane harimwo nk’ibikoresho vy’abaganga vyo kwikingira mu maso no mu biganza, hamwe n’imiti yo kwihanagura canke gusukura aho bakorera yica mikorobe. Ariko rero ikibazo co kwongererezwa impembo c’abo baganga ntikiratoregwa umuti.
Yegereyegere y’abanganga bo muri Uganda yari imaze indwi zitatu, yasa n’iyazingamktse ubuzima bw’amavuriro n’ibitaro bwari busanzwe bwifashe nabi.
Abashikirizamanza ba leta nabo nyene barakoze yegereyegere basaba kwongerwa imishahara, eka n’abacamanza baviga ko bashobora gukwirikira.