
Nk’uko bishikirizwa na Evelyne MANIRAGABA, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston SINDIMWO aserukiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Evelyne MANIRAGABA aravuga n’ubutumwa icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ashiriye uwugiye kurongora igihugu ca Kenya.
« Atwaye ubutumwa bw’ugukeza umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, nk’uko mubizi tukaba dufitaniye imigenderanire myiza n’igihugu ca Kenya. »
Gaston SINDIMWO yafashe indege imushikana mu gihugu ca Kenya mu gatondo ko kuri uwu wa mbere.