Mu burundi abantu 6 barishwe, 7 basinzikarizwa ubuzima mu kiringo c’indwi iheze

Nkuko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture abo bishwe bamwe batowe ibiziga mu ruzi Rusizi muri komine Buganda, intara ya Cibitoki, batatu muri abo bakaba batashoboye kumenyekana.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku bana babiri umwe w’imyaka itanu, uwundi w’imyaka icenda baciwe ibikonjo, muri komine Itaba , intara ya Gitaga, bagirizwa kuba bivye ibigori mu murima.

Muri ico cegeranyo isekeza SOS -Torture rigaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abanywanyi batandatu b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA mu ntara ya Karusi, inyuma yo gushamirana n’urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa rya Nestor NIBITANGA yahoze arongoye ishirahamwe APRODH mu ntara ya Gitega, aho yahagaritswe n’abajejwe umutekano, yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu.