Mwame mwiyubara kandi muzirikane aya majambo kuko arimwo ubuzima n’umunezero

🌈MWAME MWIYUBARA IBI BIKURIKIRA KANDI MUBIZIRIKANE🌈1.IMPANURO Z’AKIVYEYI,ZIRAKWIYE GUHABWA UMWANYA ,ABAGIZE UMUZINGI W’UMURYANGO BAGAHANURANA,KUKO BURYA UMUNTU WESE ‘IMANA YAMUSIZE AHANTU AFISE ICO YATEGURIWE GUKORA
2.IMIGANI 20:20.

Uvuma se canke nyina itara ryiwe rizozimirizwa mu mwiza w’umuzitanya.

3.IMIGANI 19:22.

Ineza y’umuntu ni yo ituma akundwa,wopfuma uba umworo hak’uba umubeshi.

4.IMIGANI 1:8.

Mwana wanje ,umva inyigisho ya so,kandi ntute ibwirizwa ryanyoko.

5.IMIGANI 16:3.

.Uremeke UHORAHO ibikorwa vyiwe,niho imigabo yawe izokomera.

6.YESU niwe muco mubugingo bwawe akumurikire mubawe n’omuvyawe .

7.IBIBI BIZOZA MUGIHE C’IHEREZO.

2TIMOTEYO3:1_2_3_4.

1Ariko umenye yuko mumisi yiherezo hazoza ibihe bigoye.

2.kukw abantu hazoba bikunda gusa,bakunda amahera,birarira,bibona,batukana,batumvira abavyeyi,abanegura ivy’IMANA,

3.badakunda n’ababo.banka kwuzura,inkazi,badakunda ivyiza,

4.abaguranyi,ibirandamuke,abikakisha,bakunda ibibahimbara bakabirutisha IMANA,

5.BADAME N’AMWE BIGEME,mube amashurwe ntimube imihwi,kuko amashurwe nimeza ntaribwa Ariko ,imihwi uwuyibonye acagumba kumanyura ko ihando.ngwarifungure.nimureke kuba ibitsitaza vya basaza banyu.

6.Raba nawe UMWAMI DAWIDI arunguruka ‘UMUGORE w’a URIYA.agaca amwipfuza.

7.Raba AMUNONI yipfuza mushiki we TAMARI gushika aryamanye nawe’

8.MATAYO 5:37.Arikw ijambo yanyu ribe. EGO,ego;Oya,oya:ikirenze ivyo kiva kuri wa mubi.

🍇UHORAHO URUMWIZIGIRWA SUKA MPWEMU WAWE MUMIRYANGO YACU🍇