Siriya: Abantu 53 bishwe mu gitero.

Ishirahamwe rikurikirana ivy’agateka ka zina muntu mu gihugu ca Siriya rifise icicaro mu gihugu c’Ubwongereza (SOHR) ryamenyesheje ko 21 muri abo bapfuye ko ari abana.

Igihugu c’Uburusiya camenyesheje ko abihevyi 6 bateye ibisasu vyo mu kirere muri ako gace ariko ko igitero caco cagabwe mu gice kirimwo abagwanyi b’abihevyi.

Igihugu c’Uburusiya gisanzwe gishigikiye umukuru w’igihugu wa Siriya Bashar al-Assad mu ngwano zimaze imyaka hagati y’abanyesiriya agace ka Deir al-Zour kari mu bice umugwi w’abagwanyi biyitirira Reta ya Kisiramu bakigenzura.

Inyuma y’aho ibiganiro vyaheruka ataco vyashitseko, hitezwe ibiganiro bishasha mu ndwi iza bishigikiwe n’umuryango mpuzamakungu ONU bizobera i Geneve mu gihugu c’Ubuswise.