
Urwaruka rwa ZANU-PF nirwo rwasavye ko isabukuru ya Mugabe, iba umunsi w’akaruhuko mu gihugu
Isabukuru y’amavuko y’uwahora atwara Zimbabwe, Robert Mugabe, igiye kuba umunsi w’akaruhuko muri ico gihugu, wahariwe urwaruka.
Akamo ko kugira isabukuru ry’amavuko ya Robert Mugabe, umunsi w’akaruhuko w’igihugu, kari katewe mu kwezi kw’umunani n’urunani rw’urwaruka rw’umugambwe ZANU-PF.
Umukuru w’igihugu mushasha Emmersonm Mnangagwa, vyitezwe ko agena abagize leta yiwe muri iyi ndwi. Bwana Mugabe yatanze imihoho mu mabanga y’umukruu w’igihugu mu ndwi iheze, abanje kugondozwa n’igisirikare, n’akamo k’abanyagihugu bihereje amabarabara.