
Ibiro vy’umuhuza vyabwiye abamenyeshamakuru, yaba Abarundi, abo muri Tanzaniya, hamwe n’abari barungitswe n’ibimenyeshamakuru mpuzamakungu, ko bidakenewe ko bakurikirana ivyo biganiro, kuko bashobora kubera intambamyi abaganira. Babwiwe ko bokwegera kure, barindire itangazo bazohabwa kw’igenekerezo rya 8 Kigarama risozera ivyo biganiro.
Umuhuza amenyesha ko ibiganiro yatumyeko bidakumira, naho urunani CNARED ruhurikyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko batatumiwe. Ku butumire bw’ibiganiro, harabonekako amwe mu mazina y’abari mu runani CNARED, aho twobabwira nka Karori NDITIJE arongoye urwo runani, hamwe na Ferederiko BAMVUGINYUMVIRA, yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba n’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU. Muri CNARED banegura ko ata butumire nyezina bw’urwo runani bwasohowe.
Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’urunani CNARED kuri uwu wa mbere, basaba umuhuza ko yohagarika ivyo biganiro yatumyeko, kugira atunganye ibindi bihuza bose, vyizewe, kandi vyobera mu kibanza gihumuriza bose muvy’umutekano.
Ku ruhande rw’umuhuza siko babibona, kuko bemeza ko abarabwa bose n’ikibazo ca poritike y’Uburundi batumiwe. Mw’itangazo ibiro vy’umuhuza vyasohoye kuri uwu w’Imana, bijeje ko izo ndwi zibiri z’ibiganiro zizohera hemejwe urupapuro rw’inzira rw’ugutorera umuti amati ari mu Burundi.
Reta y’Uburundi yaserukiwe na Therence NTAHIRAJA, umwunganizi akaba n’umuvugizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.
Umugambwe uri ku butegetsi waserukiwe n’abashingamateka batatu aribo Gelase Daniel NDABIRABE, Godeliève Nininahazwe hamwe na Zéno Ndaruvukanye.
Ingingo umunani nizo zitegekanwa kwigwa muri ivyo biganiro, zikaba zigizwe n’ibijanye n’umutekano hamwe n’ukurwanya ubugizi bwa nabi, guhagarika ukudahana ivyaha, gukomeza intwaro rusangi, ibijanye n’ishirwaho rwa Reta y’ubumwe, ingaruka indyane ziriho zagize ku butunzi bw’Uburundi, hamwe n’imigenderanire y’Uburundi n’ibihugu bibanyi.
Tubamenyeshe ko mu gihe i Arusha hariko habera ivyo biganiro, mu gisagara ca Bruxelles mu Bubirigi naho hariko habera inama y’abagize CNARED izohera kuri uwu wa gatatu. Iyo nama ni iyo gusubiriza inzego za CNARED zahejeje ikiringo cazo.