
Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko amazu 200 ariyo yasambutse muri komine ya Bubanza, hamwe n’amazu 43 yo muri komine Gihanga zose zo mu ntara ya Bubanza.
Umuvugizi w’igiporisi Pierre Nkurikiye amenyesha kandi ko abantu 3 bakomeretse muri komine ya Bubanza ,ibiraro 3 birabomoka,ibirasi vy’amashure 10 birasambuka ,amashengero 4 arabomoka hamwe na hegitare 17 z’imirima zononekaye.
Umuvugizi w’igiporisi Pierre Nkurikiye amenyesha ko muri Komine Gihanga hasambutse amazu yonyene.