
Amakuru ava aho I Bugendana amenyesha ko gushika mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri batari bwamenye uko vyagenze kugira ayo mafaranga yibwe.
Mu giporisi bamenyesha ko batanguye amatohoza kugira bamenye uwivye ayo mafaranga n’uburyo yibwemwo.
Haheze iminsi 20 gusa ibiro vya posita muri komine Makebuko, aho mu intara ya Gitega vyibwe imiriyoni 10 z’amarundi, ariko inyuma y’umunsi umwe, umunyabigega n’uwari ajejwe kuhacunga bahavuye bafatwa.