I bujumbura hatangujwe umugambi wogutunganya bushasha igisagara ca bujumbura.

Ibirori vyo kwugurura umugambi nyobozi wo gutunganya gushasha igisagara ca Bujumbura vyatangujwe no kwereka umukuru w’igihugu ishusho y’igisagara ca Bujumbura gushika mu mwaka wa 2045, vyakozwe n’abaserukiye ishirahamwe Singapour Cooperation Enterprise (SCJ).

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA yavuze ko hari hageze ko igisaga ca Bujumbura gitunganywa gushasha mbere kikagurwa, kuko kibandanya kwakira abava mu zindi ntara z’igihugu no mu bindi bihugu.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura ashikiriza ijambo

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyesha ko umugambi nyobozi wo gutunganya gushasha igisagara ca Bujumbura uzotuma igisagara gihindura ishusho, kuko inyubakwa zahora zubakwa bidakurikije amategeko.

Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura ntiyibagiye no gushira ahabona icipfuzo c’igisagara ca Bujumbura.

Ati : ’’Mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura twipfuza ko ibisata vyose birabwa n’iterambere ry’igihugu vyoterera mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi nyobozi wo gutunganya gushasha igisagara ca Bujumbura.’’

Uwaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho iterambere PNUD ari naryo ryafashije mw’itunganywa ry’uwo mugambi Dr Garry Conille, yavuze ko igisagara ca Bujumbura kiri mu kibanza ciza kandi gishobora kuba ihuriro ry’ingenzi.

Uwuserukira PNUD mu Burundi ashikiriza ijambo

Uwo yaserukiye PNUD yavuze ko ari mu ntumbero yo gufasha igisagara ca Bujumbura gutera imbere, bashigikiye uwo mugambi werekana ishusho y’igisagara ca Bujumbura gushika mu mwaka wa 2045, aca ahamagararira uwubishoboye wese gushigikira uwo mugambi.

’’Igisagara ca Bujumbura gishobora kuba ihuriro ry’ibice vyose vya Afrika’’

Umushikiranganji w’ibidukikije Celestin NDAYIZEYE yavuze ko bihweje uko uko ubutunzi bubandanya kuduga abanyagisagara bazokwiyongera gushika ku bice 3 kw’ijana ari naco gituma hiyumviriwe uwo mugambi wo gutunganya gushasha igisagara.

Celestin NDAYIZEYE, Umushikiranganji w’ibidukikije ashikiriza ijambo

Umushikiranganji w’ibidukikije Celestin NDAYIZEYE ari nawe yaserukiye urwego nyobozi rw’umugambi yavuze ko muri uwo mugambi hazorwizwa amahinguriro n’ubuzi, batibagiye gukingira ibidukikije.

Bisunze ko igisagara ca Bujumbura gishobora kuba ihuriro ry’ibice vyose vya Afrika,umushikiranganji w’ibidukikije yavuze ko bihaye intumbero yo guha ishusho nshasha igisagara,guhindura igisagara ca Bujumbura ihuriro ry’amahinguriro yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yavuze ko hisunzwe indinganizo nshasha y’igisagara ca Bujumbura,mu Burundi tugiye gutera iyindi ntambwe mu guteza imbere Uburundi.

’’Bujumbura igiye kuba umurima rusangi w’intara ya Bubanza n’iya Bujumbura’’

Umukuru w’igihugu amenyesha ko hisunzwe umugambi werekana ishusho y’igisagara ca Bujumbura gushika mu mwaka wa 2045 ,igisagara ca Bujumbura kigiye kuba umurima rusangi w’intara ya Bubanza n’intara ya Bujumbura.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA ashikiriza ijambo

Yavuze ati : ’’Umugambi nyobozi wo gutunganya gushasha igisagara ca Bujumbura uzodushikana kw’itunganywa ry’ibindi bisagara, mu ntumbero yo gushika ku cipfuzo c’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryo kubaho neza.’’

Umukuru w’igihugu asaba abavukagisagara guhindura uko bakora n’ingene batunganya akazi,kwijukira ingendo yo gukorera hamwe,gusubiramwo ibikorwa vyo kwegeranya imicafu mu gisagara,kwagura igisagara bakijana mu misozi, kwubaka amazu agerekeranye, gutunganya neza ibijanye no kwiyunguruza, guhindura ingendo mu gutegura ahaca amazi.

Umukuru w’igihugu yasavye asaba abarundi bose n’abanyamahanga kugira uwo mugambi uwabo kugira uwo mugambi ushike kw’ihangiro ry’iyerekwa rya 2045.

Uwo mugombi uzoshirwa mu ngiro na Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’ibidukikije, amatongo no gutunganya ibisagara, bafashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho iterambere PNUD.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yumviriza insiguro kw’ishusho y’igisagara ca Bujumbura mu mwaka wa 2045

Une réflexion sur “I bujumbura hatangujwe umugambi wogutunganya bushasha igisagara ca bujumbura.

Les commentaires sont fermés.