Igiporisi cemeza ko abarovyi bafashwe n’igisirikare c’Urwanda basinzikarijwe ubuzima

Nk’uko bivugwa na Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, abarovyi batandatu bose hamwe nibo bari banyurujwe n’abasirikare b’Urwanda aho bari mu kiyaga Rweru muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga, mu gatondo ko ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 24 Munyonyo 2017.

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko abo barovyi uko ari batandatu bose banyurujwe nk’igihe c’isaha icumi n’imwe z’igitondo ko kuri uwo munsi wa gatanu.

Nk’igihe c’isaha zitatu z’agatondo, babiri muri abo barovyi bahavuye barekurwa, ariko abandi bakaba bagumye mu minwe y’abasirikare b’Urwanda, nk’uko vyemezwa n’igiporisi, gushika kuri uwu wa kabiri. barekuwe inyuma y’iminsi ine, mu giporisi c’Uburundi bakemeza ko bashitse mu Burundi bafise ibimenyetso ko basinzikarijwe ubuzima.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko naho abo barovyi bane barekuwe, hari uwundi umwe, Nyabenda Nestor, yafashwe n’abasirikare b’Urwanda nyene aho i Muyinga mu kiyaga Rweru, haraheze amezi atatu, ariko gushika n’ubu akaba atawuzi irengero ryiwe.