Imana ikunda abatanga kandi bagatangana umunezero

🌈GUTANGANA UMUNEZERO🌈2AB’I KORINTO 9:7_8_9_15.

7.Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe,atababaye cank’atagoberewe,kukw IMANA ikunda utanga anezerewe.

8.Kand’IMANA ishobora kubasazako Ubuntu bwose,kugira ngo murushirize gukora ivyiza vyose,mufise ibibahagije muri vyose.

9.Nk’uko handitswe ngo Yatanze isabagire,yahaye abakene,ukugororoka kwiwe kwamah’ibihe bidashira.

15.IMANA ishimwe ingabire yayo nziza itovurwa.

ABAROMA 13:11_12_13.

11.Nuko mwame mugenzi murtyo,kuko muzi imisi,yukw igihe gishitse co kwikangura.non’agakiza kacu karatwegereye,kurusha igihe twizereye,

12.ijoro rirakuze,bugira buce.nukotwiyambure ibikorwa vy’umwiza,twambare ibirwanishwa vy’umuco.

13.Tugendane ingeso nziza,nk’abagenda ku Mirango,tutadandahirwa,tutaborerwa,tudasambana,tudakora ivy’isoni nke,tudatongana,tutagira ishari.

14.Ariko mwambare UMWAMI YESU KRISTO,kandi ntimubabare ivy’umubiri,ngo mukore ivyo wifuza.🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏