Kamenge : Abana babiri bitavye Imana bagonzwe n’imodoka

Iryo sanganya ryabaye nk’igihe c’isaha imwe, imodoka yo mu bwoko bwa « Double cabine » yacitse ibiyituma ihagarara (Freinage) iriko iramanuka yinjira mu gisagara ca Bujumbura, muri komine Ntahangwa.

Abana babiri bagonzwe n’iyo modoka baciye bitaba Imana aho nyene, iyo modoka ikomeretsa n’abandi bantu bagera kuri 10, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Uwariko atwara iyo modoka yaciye ahunga, n’ubu ntaraboneka. igiporisi kimenyesha ko uwo mudereva ariko araronderwa, ku mvo z’amatohoza.

Abakomeretse batwawe kwa muganga n’igiporisi.

Une réflexion sur “Kamenge : Abana babiri bitavye Imana bagonzwe n’imodoka

Les commentaires sont fermés.