Kenya: Umutekano uracungerewe canemu birori vyo kurahiza Uhuru Kenyatta

Umwe mubashigikiye Uhuru Kenyatta ari ku kibuga aho aza kurahirizwa.

Igipolisi kiragavye n’ivyuka vyokera mu kwitegurira kuburizamwo imyiyerekano y’abatavuga rumwe na reta mu gihe Uhuru Kenyatata yitegurira kurahizwa nka prezida.

Umukuru w’abatavuga rumwe na reta Raila Odinga yavuze ko Kenyatta atatowe hakurikijwe amategeko.

Ntiyitavye amatora yasubiwemwo ya prezida yo mu kwezi guheze.

Abantu bari mu kamwemwe kenshi baguma binjira ku kibuga kiza kuberamwo ivyo birori, aho abandi bakuru b’ibihugu n’amareta hamwe n’abashikiranganji bakomakomeye baza kuba bitavye uwo muhango.

Raila Odinga yabwiye abayoboke biwe ko bagiye kwibohora ubugira gatatu vuba

Kenyatta yatsinze amatora n’amajwi 98% itariki 26 z’ukwezi kwa cumi ariko abitavye amatora bakaba bari ibice 39% gusa.

Amatora ya mbere yo kw’itariki 8 z’ukwezi kw’umunani yarasubiwemwo inyuma y’aho afutiwe na sentare ntahinyuzwa ivuga ko yaranzwe n’utunenge twinshi.

Kenyatta ahanganye n’ikibazo co gusubiza hamwe abantu muri Kenya

Abateguye ivyo birori biteze abantu bashika 60.000 ku kibuga c’umupira w’amaguru ca Kasarani, aho Kenyatta aza kurahirizwa, hakaba hashizwe hanze imboneshakure nini cane ifasha abatashoboye kwinjira kubona ibiriko birahakorerwa.