Ibiganiro bihuza Abarundi vyari kuba vyatanguye kuva kuri uwu wa mbere gushika ubu ntibiratangura mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya.
Mu gihe vyari bitegekanijwe ko bitangura kuri uwu wa mbere, umuhuza yabishize kuri uwu wa kabiri, aho akaba yasiguye ko ari mu ntumbero y’ukubandanya kwakira abitaba ivyo biganiro bari bakiriko barashika aho mu gisagara ca Arusha.
Amakuru dukura i Arusha amenyesha ko gushika ubu ivyo biganiro bitaratanguzwa, umuhuza akaba yatanze isango ry’isaha y’icumi kuri uwu wa kabiri,
Nk’uko ayo makuru abandanya abimenyesha, ukwo kudatanguza ibiganiro mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri kwatewe n’uko abaserukira Reta y’Uburundi, abaserukira umugambwe CNDD FDD hamwe n’abaserukira imwe mu migambwe yegereye CNDD FDD bari aho i Arusha, boba bashikirije umuhuza ingingo ntabanduka z’ivyo basaba kugira ivyo biganiro bitanguzwe.
Muvyo basaba ko bitovugwa muri ivyo biganiro, hoba harimwo ukutemera Reta ihuza bose y’imfatakibanza, uguhagarika ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro. Abo baserukira Reta hamwe n’umugambwe uri ku butegetsi boba basaba kandi ko muri ivyo biganiro, umuhuza yokwerekana aho ahagaze, ku ngingo Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yafashe y’ugutanguza amatohoza ku Burundi.
Umuhuza Benjamin William MKAPA yakiriye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri abo baserukira Reta y’Uburundi, ariko akaba atawurashobora kumenya ivyo baganiriye, kuri ivyo bisabwa na Reta y’Uburundi.