Urupfu rw’umwigisha muri kaminuza Bernard Rumonge: Abantu barakeneye kumenya ukuri.

Ntibikwiriye kumenywa gusa yuko umwigisha muri kaminuza Bernard Rumonge yoba yagiye mu butambiro hanyuma bumukereyeko akaja kwaka uburuhukiri ku mukobwa yoba adandaza umubiri. Nkuko bamwe babivuga ngo birateye isoni, bakabigira akamenyo y’abatwenzi siko biri kuri bose. Uburundi turazi yuko bugeze kure kubere ibihe burimwo, amajambere n’ibindi bisigaye biri mu mico n’imigenzo y’abarundi.

Igipolisi kirakwiriye gutanga umucu w’ivyashikiye umwana w’uburundi n’abo bar kumwe kugira ngo ntibasubire kugira ingorane. Kandi ingorane nkizo zirakwiriye gukingwa zitarashika.

Turahojeje umuryango wabuze n’abagenzi bagendana tunabibutsa yuko guhungira muri Yesu Kristo bikingira impanuka zitari nkeya.