Nijeriya : Inzu y’uwatanguje Boko Haramu igiye gushingurwamwo kahise k’uwo muhari

Abakurikiranira hafi uko umuhari wa Boko Haramu wagiye urigenza bashikirije ko iyo nzu niyashirwamwo kahise kawo bizotuma abasinzikajwe nawo bababara cane gusumba, vyongere bitume abanywanyi bawo bafata Mohammed Yusuf nk’incungu yabo.

Inzu ya Mohammed Yusuf isanzwe iri mu gisagara ca Maiduguri, aho ibitero vy’uwo muhari vyatanguriye.

Abarwanyi b’umuhari Boko Haram

Boko Haramu washinzwe urangura ibikorwa vy’iterambere mu mwaka w’2002, watanguye kugaba ibitero mu mwaka w’2009, inyuma y’aho umukuru wawo arasiwe aho yari apfungiwe. Gushika ubu ibiharuro vyerekana ko abantu baharurwa mu bihumbi bamaze guhitanwa n’ibitero vy’uwo muhari, abashika amamiriyoni nabo bata izabo.