
Umukuru wa Korea ya rurguru yakurikiranye igikorwa co gutera ico gisase ku mboneshakure
Umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya Sergei Lavrov yagirije Amerika kurondera gusotora Korea ya ruguru ku mugambi w’ico gihugu w’ibigwanisho ruhanyanganda.
Yiyamirije akamo katewe n’uwuserukira ico gihugu mu kanama ka Onu kajejwe umutekano ko guhagarika imigenderanire na Korea ya ruguru inyuma y’igeragezwa riherutse ry’igisase.
Uburusiya buguma buvuga ko ibihano ata co bimaze ahubwo bugasaba ko haba ibiganiro.
Amerika yaragabishije ko izosambura reta ya Korea ya ruguru isigare ari ‘umunyota’ mu gihe intambara yokkwaduka.

Nikki Haley (i bubamfu) ariko araganira n’uwuserukira Ubushinwa mu nama ya Onu ijejwe umutekano kw’isi Wu Haitao
Ku musi wa gatatu, Korea ya ruguru yaragerageje ikindi gisase mu mezi abiri, ivuga ko gishobora gushika aho ari ho hose ku butaka bwa Amerika.
Ariko abahinga muvyo kwivuna abansi baracafise amakenga kubushobozi bwo kuronka ubuhinga gutera mwene ico gisase gifise bikenera