
Imigwi irwanya leta ya Syria ibandanije kutana mu mitwe ku murwa mukuru Damas
Abakozi batanga imfashanyomuri Syri bavuga ko abantu amajana atanu bakeneye imiti vyihutirwa betegerezwa kuva mu karere karimwo abagwanyi mu micungararo ya Damas,
Umuhanuzi Onu muvyo kugarukira kubari mu kaga, Jan Egeland, avuga ko hari abantu icenda bamaze gupfa muri abo barindiriye uburenganzira bwo kuva mu karere ka Ghouta kari mu buseruko – kazungurutswe n’ingabo za reta.
Bivugwa ko abantu barenga mirongo ibiri bamaze kwicirwa mu bitero vy’indege na vya muzinga ubu vuba muri ako karere, ariko ubu hategerezwa kuba hari agahengwe. Indya muri ako karere zirakenye cane ku buryo hari inkuru zivuga ko hoba hari abamaze guhitanwa na kigoyi.