Ubu buhanuzi ku Burundi, Urwanda ,Congo iharanira demokarasi na Uganda buremezwa n’abavugishwa batari bamwe ndetse nabanyabwenge bazi gushishoza. Muri ivyo bihugu hazohinduka vyinshi co kimwe no mubihugu bihana imbibe. Hashobora kuzoba amahinduka y’ubutegetsi kuburyo butari bwitezwe. Impunzi zizogerageza gutaha ku nguvu mungo zazo n’ibindi.
Kwisi nka hose abantu bazobona ibintu bidasanzwe, za nyamugigima, imiyaga n’imyuzure biziyongera kandi bibandanye.
Aba chinois bazobandanya gukora ibirwanisho bicira umuriro kure kandi biteye ubwoba no gusumba koreya yaruguru.
Ba barwanyi b’aba isilamu bazokora ibara cane cane mu bihugu bi Kristo vya bulaya, bica abantu benshi kandi bakoresheje abana.
Isirayeli izogeragezwa guhungabanwa cane , aho amahanga y’ibihugu vy’abarabu bizogerageza kuyikoranira.