Abicishije ku rubugwa rwiwe rwa Twitter,umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo muntu akoresha isanamu y’icegera c’umuvugizi w’igiporisi OPP1 Moise NKURUNZIZA agakoresha na nimero ya terefone ngendanwa 75 565776 mu guhenda abantu.
Umuvugizi w’igiporisi asaba ko abo uwo muntu yorondera batomwishura, mu kurindira ko igiporisi c’Uburundi kimuhagarika.
Ubu ni bumwe mu butumwa uwo yiyita icegera c’umuvugizi w’igiporisi yacishije ku buhinga bwa Whatsapp asaba ko bamurungikira amafaranga 2000 vy’amarundi.
