
Imyiyerekano irwanya Perezida Kabila i Goma mu kwa cumi 2016.
Umuryango uharanira uburenganzira bw’ikiremwamuntu, Human Rights Watch, uravuga ko abategetsi bo muri Repubulika iharanira demokarasi ya Congo bakoresheje abahoze ari abarwanyi b’umutwe wa M23 mu guhosha imyiyerekano y’abatavuga rumwe na leta umwaka ushize.
Uyu muryango uravuga ko abahoze ari abarwanyi ba M23 barenga majana abiri bategetswe gukoresha inguvu zica mu guhangana n’abari mu myiyerekano.
Abantu barenga 60 baguye mu muri iyo myiyerekako yagomba ko Perezida Kabila ataguma ku butegetsi nyuma yaho manda yiwe ya kabiri irangiriye mu kwezi kwa cumi na kabiri.