Abashinzwe umutekano muri Isiraheli bakoresheje ivyuka biryana mu maso mu gutatanya abari mu myiyerekano batera amabuye biyamiriza icemezo ca Perezida Trump co kwemera Yeruzalemu nk’umurwa mukuru wa Isirayeli.
Abagumutse mu muji wa Betelehemu batera amabuye mu gihe igisirikare co cabarasamwo ivyuka biryana mu maso.
Hari amakuru atari bwemezwe avuga ko hari abantu bakomeretse.
Umwuka ntumeze neza mu ntara ya Cisjordinie na Yeruzalemu naho nyene mu gihe abayobozi b’abanyapalesitina bahamagarira abantu kuja mu mumyiyerekano.
Icemezo ca Donald Trump cakiriwe neza na Isirayeli co kimwe n’abemera ivyanditswe muri Bibiliya Yera bose ariko ciyanirijwe n’abarabu n’aba isilamu hirya no hino kw’isi.
Ibihugu vyo mu Burayi bisanzwe ari inshuti za Amerika navyo vyamaganye ico cemezo cahinduye politiki ya Amerika kuri uwo muji yari imaze igihe kirekire.
Ni politiki Amerika yagenderagako kugirango yerekane ko nta ruhande ihengamiyeko mu kibazo ca Isirayeli n’abanyapalesitina.
Isirayeli kuva kera ifata umuji wa Yeruzalemu nk’umurwa mukuru wayo mu gihe abanyapalesitina bo bafata uburasirazuba bwa Isirayeli – bwigaruriwe na Isirayeli mu ntambara yo muri 1968 – nk’umurwa mukuru w’igihugu ca Palestina nikiramuka cemewe.
Leta zunze ubumwe za Amerika rero zibaye igihugu ca mbere cemeye ko Yeruzalemu ari umurwa mukuru wa Isirayeli kuva iki gihugu cashingwa muri 1948.