Urupfu rwa Colonel Abdul Rugwe: Hariko haravugwa yuko yoba yishwe.

Amakuru ariko aracanacanako ku mihora ngurukana bumenyi mugabo ataremezwa , avuga yuko colonel Abdul Rugwe yahora mu gisirikare ca Leta y’uburundi hanyuma akagiheba akigira mu nyeshamba mbere akaba yari umwe mu ndongozi za FPB.

Havugwa rero inkuru zidahumuriza yuko abo muri uwo muhari baguma basubiranamwo mbere n’inkmbi zikagwa. Ubu rero bakaba boba bishe Colonel Abdul Rugwe muri inzo ndyane ziri hagati yabo. Tubibitse yuko uretse indongozi z’uyo muhari ziherutse gufatigwa muri Tanzania zikanyururizwa i Burundi, imbereye yaho bari basubiranyemwo aho I Congo RD , bakica intwazangabo zine mu gihe ca Édouard NSHIMIRIMANA.

Muvyo bapfa hagati yabo bituma bicana harimwo amacakubiri ahagaze kubwoko n’intara asongegwa no kutumvikana mukagabura amafaranga y’adolari barungikigwa n’igihangange giserukira rya shirahamwe mpuzamakungu ONU.

Duhamagarira abarundi gushira imitima munda, bakarengera ibitari bike kugira babone ineza ya bose. Hamwe iyo nkuru yoba ariyo boba bariko barisamburirako nkimpene. Tuzokwama turuta gushika bumve. Reka mbwire gito canje gito c’uwundi c’umvireho.