IGANDAGURWA RYA NDAYIZEYE EMMANUEL YATAZIRIWE RUGWE I MULENGE MURI CONGO

Ku bijanye n’urupfu rwavuzwe rw’umwe mu ndongozi z’umuhari FPB,ariwe NDAYIZEYE EMMANUEL,benshi bari bazi kw’izina rya RUGWE,akaba yari musaza wa EUPHRASIE yahoze ari umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ku ntwaro ya DOMITIEN_NDAYIZEYE; yishwe nabo bari kumwe mu muhari FPB.

Yavuka i MAKAMBA, Yahoze mu mihari igwana PMPA, Ku ruhande rwa CNDD ya LEONARD NYANGOMA, Akaba atagiye ku rugamba, ahubwo yinjiye uwo muhari mu bihe vya cantonnement, aca ahunga igihugu ari kw’ipete rya MAJOR.

Handikwa vyinshi kuri iyo ndongozi yagandaguriwe ku muhana iwayo,mu gihugu ca CONGO,ahitwa i MURENGE,

Akaba yagandaguwe habanje kugabwa igitero ku muhana iwe,igitero cakozwe n’abo yari amaze imisi yakiriye nk’abagwanyi bashasha yarungikiwe na bamwe mu ndongozi bakorana !

Ayo makuru arongera akavuga ko abo yari yakiriye bamusaba ko yobinjiza mu muhari FPB, bari baje biyise ABAHUTU biyonkoye ku muhari FNL wegukira ALOYS_NZABAMPEMA, abandi biyita ABATUTSI bahoze mu muhari RED_TABARA irongowe na SINDUHIJE Alexi.

Abatari bake baramenyesha yuko ari umukino abo basangiye urugamba bo muri FPB bamukiniye kugira ngo bamwice kubera ivyo bapfa bijanye n’ubutegetsi, intara, ubwoko n’amafaranga bahabwa n’abantu bari hanze.

Mugabo hariho n’abandi bavuga ngo ahubwo mu vy’ukuri bose iyo misore yakiriye yari IMBONERAKURE yari yahawe igikorwa co gucengetera ibisigarira vya FPB kugira isambuke burundu!

Barongerako ngo Iyo misore y’IMBONERAKURE ikaba yari yagiye aho muri CONGO, yakirwa n’ABANYAMURENGE bakorera GENERAL KAYUMBA NYAMWASA,

Uwu nawe akaba amaze imisi ari somambike na PETERO NKURUNZIZA kuko bahuje umwansi umwe ariwe URWANDA!

Barongerako bati umukenyuro wakoreshejwe kugira izo MBONERAKURE zakiranwe urweze mu muhari FPB,

Baje bavuga nabi ubutegetsi bwa PETERO NKURUNZIZA bongera batyoza inzego z’umuhari FOREBU,

RUGWE n’abo bari basangiye ibikorwa baca babakiriza yompi kuko batwawe n’amarangamutima,bishiramwo ko ABATUTSI bose baterekwa ubutegetsi bw’i Bujumbura,

Naho ntibamenya ko ari umutego!

Ico tuzi coco ni uko Ico gitero cagambwe ku rugo rwa RUGWE,arahasiga ubuzima,hamwe n’abo bari basangiye ibikorwa bahakomerekeye bikomeye ,harimwo uwitwa BOSCO.

Birazwi neza kandi yuko NDAYIZEYE EMMANUEL yari yihaye amazina ya ABDUL RUGWE kugira bimworohere kwiyoberanya,kuko yarazi neza ko ariko araronderwa n’ubwo atari azi aronderwa na nde ,n’ukuntu yohunga abamuhiga!

Nayo ngo ipete rya COLONEL ava kurya MAJOR yari asanganywe ,ni iryo yaronkeye mu muhari FPB,rikaba ryamenyekanye barisanze mu mashini nyabwonko (ordinateurs) zatswe indongozi 4 za FPB zanyururijwe muri TANZANIYA n’abakozi b’iperereza ry’Uburundi rya PETERO NKURUNZIZA

Akaba atari RUGWE wenyene yasanzwe ku ntonde z’abagwanyi bagize umuhari FPB,kuko nk’uko bizwi MANIRAKIZA ADOLPHE nawe ari mu bariko barahigwa hasi kubura hejuru.

Mukurangiza twobamenyesha yuko abarundi babaye karuhariwe mu kurementanya, mukubesha no kwitamba abandi kumuvyimba. General NSHIMIRIMANA Adolph yiciwe mugihugu asanzwe ari umutegetsi wo hejuru kumurango riva abatari bake bandika vyinshi ngo yagandaguwe n’ubutegetsi mugabo ukuri mwatakumenye yuko yagambaniwe n’abarundi bari hanze. None nguyo Rugwe nawe bamugandaguriye muri misozi ya Congo bati ni imbonerakure zarungitswe na Leta y’uburundi. Vyose birashoboka mugabo ukuri kuzotinda kuvugwa neza gushigwe ahabona. Mukurindira ico gihe mwomenya yuko yagandaguwe nabo bitwa yuko basangiye urugambo bo muri FPB.