Intwazangabo 4 mu gisirikare c’Uburundi zirukanywe mu kazi

Abo basirikare birukanywe mu gisirikare ni Lieutenant Colonel KABISA Gervais, Major NTAHIMPERA Nestor,Capitaine NIYONGABO Onesime na Capitaine NCUNGUNYIKA Jean Marie.

Nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/240 ryo kw’igenekerezo rya 7 Kigarama 2017 rigenga iyirukanwa rya bamwe mu ntwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, abo basirikare bose bagirizwa ko bataye akazi.