
Itana mu mitwe ryavuye ku gutangaza kwa Trump ko Yerusaremu ari umurwa mukuru wa Isirayeli
Isirayeli ivuga ko yagavye ibindi bitero vy’indege ku nganda z’ibirwanisho za Hamas hamwe no mu bibanza bibikwamwo mu karere ka Gaza.
Hamas ivuga ko ibiziga bibiri vyatowe mu bihomoka vy’inzu iri mu zateweko ivyo bitero.
Ivyo bitero ni ivyo kwishura ku bitero vy’ibisasu vya rokete vy’Abanyepalestine vyatewe mu bumanuko bwa Isirayeli.
Iri tana mu mitwe rikurikiye gutangaza kwa Prezida wa Amerika, Donald Trump, kuwagatatu yuko Yerusaremu ari umurwa mukuru wa Isirayeli.
Abanyepalestine babiri nibo bamaze kuhasiga ubuzima abandi benshi barakomereka, mw’itana mu mitwe n’abasirikare ba Isirayeli.
Abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ibihugu vyo mw’ihuriro ry’abarabu vyitezwe ko babonanira i Cairo uno munsi bavugane ku nyishu bashikiriza.