
Amakuru ava ku rubuga rwa Twitter rw’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko abo bantu bafashwe igihe c’isaha icenda z’ijoro bari mu nzu muri Komine ya Rutegama mu ntara ya Muramvya bariko barasenga.
Ayo makuru nyene y’igiporisi c’Uburundi avuga ko 4 muri abo 48 bafashwe ari abana, ariko kandi bakaba banagizwe n’abagore n’abagabo.
Igiporisi kimenyeshako amatohoza akibandanya