Mwibuke gusaba imbabazi: Haba kubo mwagiriye nabi, mwatsitaje canke mwatsitayeko mubasabe imbabazi kuko bitanga amahoro

Gusaba imbabazi bitanga amahoro, vyugurura unzira zugawe, bitanga umugisha! Nico gitumye imbere yuko Noel numwaka mushasha bidusanga, ngufashe ukuboko wewe nagiriye nabi, ivyo nakoz canke navuze vyose bitaguhimbaye, ubimbabarire, usubire umfate nkuwundi muntu, kuko twese turi abantu, duhane imbabazi Imana itwumvire, iduhezagirane hamwe imbere yuko uyu mwaka urangira! Ndagusaba nawe nturindire ko hari uwubikora , ahubwo shiramwo inguvu, usabe imbabazi uwo wipfuza wese kwaguharira, ubikore atarabikora , umwereke akarorero keza! Ndakwipfuriej Noel nziza hamwe n’Umwaka mushasha, wa 2018:Ukubere umwaka wo guhinduka n’uwumugisha, Imana ikurinde urupfu, indwara ubukene n’agasuzuguro!