Bwiza : Abantu babiri bakomerekejwe na Gerenade

Amakuru ava mu Bwiza, amenyesha ko ico gitero cabereye kw’ibarabara rya kabiri, ku bunywero bwitwa ku Micopo, nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, ahatewe gerenade zibiri, mu gihe abantu bariko bivuna akanyota.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abantu babiri aribo baciye bakomereka, bakaba baciye bajanwa kuvurizwa mu bitaro vyo mu gisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi c’Uburundi baremeza ayo makuru,bakamenyesha ko iyo gerenade yatewe mu muserege uri hafi y’ubunywero bita ku Mucopo,ikomeretsa abantu babiri ariko batababaye cane.

Moise NKURUNZIZA icegerac’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira bamenye uwateye iyo gerenade.

Mu kiringo c’indwi imwe gusa, bibaye ku ncuro ya gatatu aho gerenade ziterwa mu gisagara ca Bujumbura. izatewe muri zone Musaga na Buyenzi zatumye abantu batanu bakomereka, mu gihe iyatewe muri komine Bwiza kugituro c’imodoka zunguruza abantu yakomerekeje abantu 5.