Kayanza : Abasirikare babiri mu bacunga umukuru w’igihugu bogize isanganya ry’imodoka

Amakuru ava mu ntara ya Kayanza, amenyesha ko imwe muri izo modoka ari imodoka nini yo mu bwoko bwa DAF itwara abasirikare bacungera umukuru w’igihugu, iyindi nyo ikaba ari Pick Up y’igisirikare igendanira umukuru w’igihugu.

Amakuru dukesha abari hafi y’ahabereye ayo masanganya abiri, amenyesha ko abasirikare babiri aribo boba baciye bitaba Imana, mu gihe abandi bataramenyekana igitigiribakomeretse, harimwo abababaye.

Baba aboba bitavye Imana canke abakomeretse, baciye bajana mu bitaro vy’intara ya Kayanza, abandi bajanwa mu bitaro vy’intara ya Ngozi.