Ngozi : Umukuru w’igihugu yatanguje ihiganwa ryo kuzunguruka Uburundi ku makinga

Ibikorwa nyezina vy’iryo higanwa vyuguruwe n’Umukuru w’Igihugu. Ivyo birori vyitabwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’ugutumatumanako Econet Leo Nepias Njaravaza, umukuru w’umurwi utunganya amatora Pierre claver NDAYICARIYE hamwe na Buramatari w’intara ya ngozi ahabereye ivyo birori.

Ukwugurura iryo higanwa vyaranzwe n’ugutera ibiti 6 vyerekana ibihugu 6 bigize Ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, Kisembo Ronex TENDO arongoye Afrika Mashariki Fest, umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE bari mu bahiganywe ku makinga mu muce wabo bita VIP.

Iryo higanwa ryatanguriye I ngozi mu gatondo ko kur’uyu wa mbere rikaba rizomara imisi itanu.

Tubibutse ko babifashijwemwo n’ishirahamwe Econet Leo,cumi ba mbere bazozunguruka Uburundi bazohabwa agashimwe,uwuzoba uwa mbere akazohabwa agashimwe k’imiriyoni zitanu yongere ashigikirwe mu migambi y’iterambere.