Michel KAFANDO ari mu rugendo i Bujumbura yabonye n’umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE

Muri urwo rugendo yatanguye kuri uwu wa gatatu, Michel KAFANDO yabonanye na Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.

Bernard NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko muri uwo mubonano, Michel KAFANDO hamwe na Alain Aimé NYAMITWE baganiriye ku masezerano agenga ubuserukizi (Bureau) bw’iyo ntumwa idasanzwe mu Burundi y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ku bijanye n’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi bwugawe, mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesha ko ibiganiro hagati ya Reta y’UbUburundi na ONU bibandanya kugira ubwo buserukizi busubire kwugururwa.

Reta y’Uburundi yafashe kuva muri Gitugutu 2016 ingingo y’uguhagarika imigenderanire hamwe n’ugukorana n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi.

Nk’uko vyashikirijwe na Reta y’Uburundi, iyo ngingo yafashwe kubera uruhara rw’ico gisata ca ONU, mu cegeranyo casohotse ku Burundi, muri Reta bakavuga ico cegeranyo cari cuzuyemwo ibinyoma.

Reta y’Uburundi yamenyesheje ko iyo migenderanire y’ugukorana n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi ihagaze, gushika hamenyeshejwe iyindi ngingo nshasha.