
Abo bashingamateka ni Eliot L. Engel wo mu mugambwe w’abademokrate, Randy Hultgren wo mu mugambwe w’abademokrate, hamwe na Karen Bass wo mu mugambwe w’abarepublikani.
Muri urwo rwandiko, abo bashingamateka bamenyesha ko ari ngombwa ko Reta y’Amerika igumiza amaso ku Burundi gushika aho Reta hamwe n’abatavugarumwe nayo bahagarika ibikorwa vyo guhungabanya umutekano.
Abo bashingamateka babicishije mur’urwo rwandiko basaba Reta kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, igakorana neza n’akarere mu biganiro bifasha kugarukana amahoro mu gihugu.
Muri urwo rwandiko, abo bashingamateka basaba inama y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ijejwe umutekano hamwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kwumvisha abegwa bose n’ibibazo vy’Uburundi ko bategerezwa kurondera inyishu ya poritike ku bibazo biri mu Burundi.