Rwanda: Paul Kagame yongeye kwotsa uburo mu kurega Ubufaransa ‘gufasha abakoze jenoside’

Mu bihe vyashize Paul Kagame yashinje Ubufaransa kugira uruhare muri jenoside yo mu 1994

Guverinoma y’u Rwanda yasohoye icegeranyo ivuga ko cerekana uruhare rw’Ubufaransa muri jenoside yo mu 1994. Benshi bakaba bahura yuko ivyo abigira iyo dosiye y’aba kongomani n’abanyarwanda barenga miliyoni zitandatu biciwe muri congo demokaratike igira ivyuke.

Ico cegeranyo kivuga ko abategetsi b’Ubufaransa bafashije kwinjiza intwaro mu Rwanda mbere ya jenoside.

Leta y’u rwanda irega Ubufaransa kwemerera abicanyi guhurira kuri ambasade yayo I Kigali, ndetse no kubakingira ikibaba nyuma ya jenoside. Guverinoma y’Ubufaransa ntiragira ico isubiza kuri iki cegeranyo.

Si ubwa mbere u Rwanda rutangaje ibi birego, vyahakaywe n’ubufaransa mu gihe cahise.

Ariko muri 2010 uwahoze ari perezida w’Ubufaransa, Nicholas Sarkozy kugira ngo ahwamike Paul Kagame yemeye ko igihugu ciwe cakoze ico yise « amakosa akomeye » mbere y’ibihe vyabanjirije jenoside.