
Abakeneye gushikana ivyo basabwa (Dossier) bafise gushika kuri uwu wa wa gatatu w’indwi iza, ico gikorwa kikazoherana n’isaha cumi n’imwe y’umugoroba.
Amadosiye y’abiyandikisha azoshikanwa ku cicaro c’umurwi CENI ujejwe kutegura amatora, i Bujumbura.
Tubibutse ko mw’ijambo yashikirije kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 2017 muri Komine Bugendana, intara ya Gitega, umunsi yariko atanguza icese isekeza ryo gusigurira Abanyagihugu integuro y’impinyanyuro z’Ibwirizwa Shingiro rihasanzwe, zizovamwo Ibwirizwa Shingiro rishasha, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abagize umurwi CENI ujejwe gutegura amatora ko bobishiramwo ubukerebutsi n’ububangutsi mu gushiraho inzego zo kuwushira mu ngiro izo mpinyanyuro z’ibwirizwa shingiro, haba ku nzego z’intara no ku nzego z’amakomine.