Gitega : Ikibazo c’ubusuma bukorwa mu mashirahamwe yo kuziganya cahagurukije Joseph BUTORE

Mur’uwo mubonana, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu araganira kandi n’abarongoye amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana inzira n’uburyo vyokorwamwo, mu kurwanya abanyuruza amatunga y’ibisata bijejwe kuziganya no kuguranana mu Burundi. Joseph BUTORE avuga ko Reta y’Uburundi igiye gukora ibishoboka vyose kugira ubwo busuma butuzwe. Aho avuga nk’urubanza rw’ikibiriraho ruzohora ruciribwa abagirijwe ubwo busuma, bagafatwa nk’abahungabanije umutekano w’igihugu.

Kuva mu kwezi kw’icenda 2017, igisata ca posita mu Burundi nico bimaze kuboneka ko kibangamiwe, kuko amafaranga ashika imiriyoni 50 aramaze kwibwa mu kiringo c’amezi abiri gusa.

Mu kwezi kwa cumi na rimwe, posita ya Bugenda mu ntara ya Gitega yibwe amafaranga imiriyoni 40, mu gihe muri ukwo kwezi nyene posita y’I Makebuko mu ntara ya Gitega nyene yibwe amafaranga imiriyoni 10.

Haba I makebuko canke I Bugendana, abikekwa gukora ubusuma, ni abanyabigega bayo maposita.