
Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, mu gihe yariko asigurira abashingamateka ibiri muri iyo nteguro y’itegeko, umushikiranganji Martin NIVYABANDI ajejwe agateka ka zina muntu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi ifise umugambi w’uguhana abavyeyi bafata nabi abana bagendana ubumuga.

Martin NIVYABANDI, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira
Reta y’Uburundi imenyesha ko ibihano bitegekanijwe ku bavyeyi badakingira abana babo bagendana ubumuga, ababanyegeza, ntibajanwe kw’ishure, mbere bamwe bakabasegesha.
Umushikiranganji Martin NIVYABANDI avuga kandi ko abavyeyi bafise uburyo ariko ntibakorere umwana agendana ubumuga ivyo abandi bana bakorerwa bazohabwa ibihano.
Iyo nteguro y’iryo tegeko yemejwe ijana kw’ijana.
Umushikiranganji NIVYABANDI yamenyesheje ko iyo nteguro izofasha ababijejwe gufata ingingo ziteza imbere ubuzima bw’abagendana ubumuga, mu kurwanya ikumirwa bakorerwa.
Martin NIVYABANDI avuga ko Reta y’Uburundi itegekanya gukora urusansuma ruzokwerekana igitigiri c’abagendana ubumuga mu Burundi. Urusansuma ruheruka rwerekana ko abarundi bagera kuri 4,5 kw’ijana bagendana ubumuga.