Muribukijwe umutumiro w’amasengesho y’ejo aho bukera igenekerezo rya 16/12/2017

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA

RY’ABARUNDI YO GUSENGERA UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO YO KUWA 13/12/2017 NA 16/12/2017

Turabaramukije amahoro y’Imana tuti SHALOM! Nkuko twabigezwe n’Imana turabatumiriye amasengesho yo ku misi ya mercredi na samedi, aho twama turiko turasengera Igihugu cacu c’Uburundi Bushasha bw’Isezerano n’abarundi bose.

I.URUFATIRO: « Kuri Sara umugore wawe niho uzovyara umwana. »

II.INYIGISHO:

Imana ntihutagizwa kandi ntibesha, iyo yavuze biraba, ntiraba nk’abantu kandi ntiyiyumvira nka twebwe. Uravye kubiboneka,vyari bigoye cane kwumvako umusaza nka Aburahamu n’umukecuru nka Sara bovyaye umwana Ku myaka bari bafise. (Itang 17:1-4)

-Musengere abantu bafise ukwizera guke bafatiye kuvyo babona n’ivyo biyumvira,

*Indirimbo ya 196/325/200

III.IMITWARO:

1. Gusengera Uburundi n’abarundi bose ngo ivyizigiro vyabo babishire Ku Mana yonyene.

2. Gusengera abakozi b’Imana, indongozi, abakuze n’urwaruka ngo babe mu burongozi bw’Imana Nzima.

3. Gusengera abagowe, abashonje, impunzi n’abapfunzwe tutibagiye imiryango yabo.

Tubaye turabashimira ku kigoro kanyu murivyo bikorwa vy’amasengesho muriyo misi uko ari ibiri. Ni dusangwe IMANA-UBURUNDI N’ISEZERANO.

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 12/12/2017

http://www.abisezerano.com