
Mu nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha, inama nkenguzamateka ivugwa mu ngingo ya 184, aho bavuga ko uwitoza kugira abe umukenguzamateka ategerezwa kuba ari umurundi, akaba akwije imyaka mirongo itatu n’itanu y’amavuka ku munsi w’itora, akaba atakimukumira mu mabanga y’igihugu.
Uwitoza ngo abe umukenguzamateka ategerezwa kuba ataragira icaha gikomeye canke gisanzwe bitegekanywa n’Ibwirizwa rigenga amatora. Ibwirizwa rigenga amatora niryo ritomora kandi ikiringo uwitoza ngo abe umukenguzamateka azoba amaze kuva yagiriye icaha nk’uko bitegekanijwe mu gahimba gahejeje kuvugwa k’iyo ngingo kugira ngo yemererwe kwitoza.
Ingingo ya 185 nayo ivuga ko abagize Inama Nkenguzamateka ari abantu babiri baserukira intara imwimwe batowe n’abaserukira abandi mu makomine agize iyo ntara bo mu moko adasa kandi badatorewe ku rutonde rumwe, hamwe n’abantu batatu bo mu bwoko bw’abatwa.
Igihugu c’Uburundi gifise abahoze ari abakuru b’igihugu batatu : Major Pierre BUYOYA, Sylvestre NTIBANTUNGANYA, Domitien NDAYIZEYE
Integuro y’ibwirizwa shingiro rishasha ivuga ko mu bagize inama nkenguzamateka hategerezwa kubamwo n’imiburiburi ibice 30% vy’abagore. Ibwirizwa rigenga amatora rirerekana ingene bigenda mu kubishira mu ngiro bikenewe hakongerwamwo abandi kugira ibitigiri bikwire.
Ingingo ya 186 ivuga ko umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora mu gihugu cose usuzuma ko abitoza bakwije ibisabwa n’amategeko. Abitoza bashikirizwa n’imigambwe yabo canke bagashobora kwitoza ku giti cabo.