
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, Wilson NKURUNZIZA yatowe ngo asubirire Paul Longshaw yahora ari umujenama yitavye Imana mu ntango z’ukwezi kw’icenda uyu mwaka wa 2017.
Wilson NKURUNZIZA yabwiye BBC ko afatiye ku buzima impunzi zibayemwo, akaba ari naco gisata yari asanzwe akoreramwo,azobandanya akora kugira impunzi zisununure mu buzima bwa minsi yose.
Wilson NKURUNZIZA yari asanzwe akora mw’ishirahamwe ritegamiye Reta rikorana na kaminuza y’i Salford, rifasha kwigisha abarondera uburuhungiro,abamaze kuba impunzi hamwe n’abimukira.