Zimbabwe : Emmerson Mnangagwa yatowe kurongora umugambwe Zanu-PF

Mw’ijambo yashikirije ahejeje gutorwa mw’ikoraniro riba rimwe mu mwaka, Emmerson Mnangagwa yavuze ko, mu gihe ariwe azoba arongoye umugambwe Zanu-PF, uwo mugambwe uzokwubahiriza politike ishingiye ku ntwaro rusangi ku burongozi bwiwe.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC,amenyesha ko Emmerson Mnangagwa yavuze ko umugambwe Zanu-PF ukwiye kwama uhiganwa mu matora yizewe, y’ukuri kandi arangwamwo umwidegemvyo.

Niryo koraniro rya mbere ry’umugambwe Zanu-PF ribaye kuva Robert Mugabe atanze imihoho, inyuma y’imyaka 37 ari ku butegetsi.