Afrika y’epfo: ANC mu matora

Abahiganwa ni Nkosazana Dlamini-Zuma (ibubanfu) na Cyril Ramaphosa (iburyo)

Kuri uno wa mbere niho uwugiye kuyobora umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo ANC aza kumenyekana, aho abaserukira abandi mu mugambwe baraye mu matora y’uwugiye gusubirira perezida Jacob Zuma kuwuyobora

Aba kandida babiri, Cyril Ramaphosa, ari nawe cegera c’umukuru w’igihugu, na Nkosazana Dlamini-Zuma yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire, nibo bahiganirwa ico kibanza.

Hagiye haboneka ibibazo vya ruswa biregwa bamwe mu bayobozi ba ANC, barimwo perezida Jacob Zuma ubwiwe.

Kandi impande zishigikiye abo ba kandida babiri zirahanganye cane ndetse abanyamakuru bavuga ko hagiyemwo no guterana ubwoba, ku buryo abanyamakuru bibaza nimba abaza gutsindwa bashobora kwemera ibiva muri ayo matora.