Amerika yarafashije Uburusiya kuburizamwo ibitero vyiterabwoba i Saint-Pétersbourg mu burusiya

Itangazamakuru mu Burusiya riravuga ko amakuru yatanzwe n’ibiro vy’ubutasi vya Amerika yafashije inzego z’umutekano mu kuburizamo igitero categurwa kuri katedalari ya St Petersburg.

Abategetsi baravuga ko ico gitero categurwa kuba ku wa gatandatu.

Biravugwa ko ibiro vya perezida w’uburusiya bizwi nka Kremlin, vyavuze ko perezida Vladimir Putin yashimiye perezida Donald Trump kubera ubufasha bwa CIA.

Bwana Putin yasezeraniye kuburira abategetsi ba Amerika inzego z’umutekano z’Uburusiya nizigira amakuru nk’aya zimenya y’ibitero bitegurwa kuri Amerika.

Mu itangazo ryasohowe n’inzego z’umutekano z’Uburusiya ku wa Gatanu, zavuze ko zataye muri yompi abantu indwi bari mu gatsiko k’umutwe wa kiyisilamu wa islamic State ndetse zinatahura ibikoho vyinshi.

Itangazo ryasohotse mu Kirusiya, rivuga ko igitero cari kugabwa ahantu h’ikoraniro ry’idini kikica abasivile ku wa Gatandatu.

Uwo mutwe wateguraga ubwiyahuzi bwo kurimbura katedalari ya Kazan n’ahandi hantu hazwi cane mu gisagara ca kabiri gikomeye mu Burusiya.